Yemen:aba Houthi bavuga ko ''bafashe ubutegetsi''

Abagwanyi b'aba Houthi Uwufise ububasha kw’isanamu epa
Image caption Aba Houthis bari bamaze amezi ari bo bafise inguvu nyinshi muri Yemen

Umuhari w'ibitwaje ibigwnaisho b'aba Shia muri Yemen batangaje ko batembagaje reta bashinga iyindi baca bafuta inama nshingamateka.

Mw'itangazo ryaciye kuri television, uwo muhari wavuze ko inama y'abantu 5 izoba irakora nk'umukuru w'igihugu mu kiringo c'imfatakibanza.

Uwo muhari wafashe umurwa mukuru Sanaa mu kw'icenda, utuma umukuru w'igihugu Abed Rabbo Mansour Hadiatanga imihoho mu kwa mbere.

Ivyo bishitse inyuma y'aho hananiriwe ibiganiro vyari bihagarikiwe na ONU.

Aba Houthi bashinze ko ku munsi wa gatatu ari ntarengwa kugirango imigambwe ya politike ibe yumvikanye ku maszerano yo kurangiza ikibazo ca politike kiri muri ico gihugu , bitabaye uko ngo bacishe aho bo bashaka.

Bavuze ko ico gikorwa cabo kigiye gushira Yemen ''mu bihe bishasha vy'inkengera zitekanye'', nk'uko bivugwa n'itangazo ryabo ufatiye ku makuru y'itororokanirizo ry'amakuru Associated Press.