Boko Haram yahize gutsinda ingabo z'akarere

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abubakar Shekau, umukuru wa Boko Haram

Muri Video yakwijwe kuri internet, Abubakar Shekau, yavuze ko urwo runani rw'ingabo z'ibihugu ataco ruzoshikako.

Yavuze ko ingabo zo mu bihugu vy'akarere zihawe ikaze muri Nigeria aho uwo mugwi witeguriye guhangana nazo.

Abubakar Shekau avuga ikaze ubwo ibihugu vy'akarere biriko bishira hamwe inguvu zo kurwanya izo ntagondwa.

Kuwa gatandatu, ibihugu vya Nigeria, Cameroun, Chad, Niger na Benin vyemeranije gushinga umugwi w'abasirikare hafi ibihumbi icenda.

Aho ni mu gihe mu kwezi guheze, ishirahamwe rya Afrika ryari ryashigikiye umugambi w'ingabo ibihumbi indwi n'amajana atanu.

Ariko umukuru wa Boko Haram yavuze n'agahemo ko izo ngabo ataco zizomara ko ahubwo bari bakwiye kurungika abasirikare miliyoni indwi n'igice.