Assad ahakana guteza akaga abanya Syria

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Perezida wa Syria Bashar al Assad

Mu kiganiro yahaye BBC, perezida Assad yahakanye kw'igisirikare ciwe arico gifise umugambi wo gukoresha ibisasu bitekeye mu tugunguru.

Imirwi y'abaharanira agateka ka zina muntu iremeza ishimitse ko ari ingabo za leta zonyene zifise za kajugujugu, ari nazo zimijagira ivyo bisasu mu banyagihugu.

Bwana Assad yavuze kandi ko ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryahaye amakuru Syria, yerekeye urugamba rwo kurwanya umurwi "Islamic State", baciye mu bindi bihugu birimwo Iraq.