Ububirigi bwakatiye abarerwa iterabwoba

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Urubanza rw'abarerwa iterabwoba mu Bubirirgi

Abantu 45 kuri 46 barerwa mu rubanza rumwe bagiriwe n'icaha bahabwa ibihano vyo gupfungwa imyaka iri hagati y'itatu na 12.

Umukuru w'uwo murwi, Fouad Belkacem, yakatiwe imyaka 12 yagiriwe n'icaha co gucengeza ubutagondwa mu ba Isilamu no kubarungika kurwana muri Syria na Iraq.

Muri abo 46 bagirizwa, umunani bo nyene nibo bari muri sentare ya Antwerp.

Abandi bikekwa ko bari muri Syria canke boba barapfuye.