Kaminuza ya Makerere yaketswemwo ubusuma

Image caption Kaminuza ya Makerere

Ku banyeshure 12000 barangije mu kwezi guheze, abatari munsi ya 600 ngo barangije badakwije n'imiburiburi amanota ya ngombwa asabwa.

Icegera c'umukuru wa kaminuza ya Makerere, Ernest Okello Ogwang, yabwiye BBC ko yiketse ko hari abashatse guhindura amanota y'abanyeshure.

Uwukuriye igisata co kumenyesha amakuru muri iyo kaminuza ya Makerere, Ernest Okello Ogwang, yabwiye BBC ko umwe mu banyeshure yari yayobewe ikibazo, yari yaronse amanota 44 %, yadugijwe ku manota 71%.