MONUSCO yikuye mu gikorwa co kurwanya FDLR

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption umwe mu barwanyi ba FDLR

Ishirahamwe mpuzamakungu rimenyesha ko babiri mu basirikare ba Kongo bo ku rwego rwa "general" bari mu barongoye ico gikorwa co kurwanya FDLR, bagize uruhara mu vyaha vyo gusinzikaza ubuzima bwa kiremwa muntu.

Ariko reta ya Kongo yanse kubakura ku rutonde rw'abari muri ico gikorwa.

Ishirahamwe ONU rigereranya ko abasigaye mu murwi wa FDLR mu buseruko bwa Kongo bagera ku 1400.

Umurwi FDLR ugizwe n'abahoze ari abasirikare b'Urwanda, hamwe n'abari mu mirwi yagize uruhara muri jenoside yabaye mu 1994 mu Rwanda, baciye bahungira muri Kongo.