Ikibazo c'Ubugereki gishobora kumvikanwako

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Umushikiranganji Alexis Tsipras n'umushikiranbganji wiwe w'ikigega ca leta Yanis Varoufakis.

Imbere y'inama yimirije hagati y'abategetsi b'ibihugu vy'Ubumwe bwa Bulaya, umupfasoni Merkel yavuze ko kumvikana biba mu gihe biboneka ko inyungu zirimwo zisumba agahombo, kandi ko Ubudagi bwiteguye kumvikana.

Ubugereki ntibwifuza kubandanya ingingo zo gutubika umukanda, ikiringo cazo kikaba cimirije kurangira mu ndwi zibiri.

Izo ngingo ngo nizo zatumye n'ivyahuha bihuhuka mu butunzi bw'ico gihugu.

Inama yari ejo hagati y'ibihugu bisangiye ifaranga euro, ntaco yabashije gushikako.

N'umushikiranganji wa mbere w'Ubugereki Alexis Tsipras, yari yavuze ko afise icizere kw'inyishu yumvikanyweko na bose ku kibazo c'igihugu ciwe ishobora kuboneka.