Boko Haram yateye muri Chad

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Igipolisi ca Chad kiriko kigenzura mu mazi ya Chad

Abo banywanyi ba Boko Haram bateye ikirwati ca Ngouboua, hafi y'ikiyaga Chad, bica abantu basiga baturiye n'amazu.

Umukuru w'ico kirwati nawe ari mu bahasize ubuzima.

Abasirikare ba Chad biravurwa ko boba banesheje abo ba Boko Haram, bifatiye igice kinini co ku nkengera z'ikiyaga Chad ku ruhande rwa Nigeria.

Abantu barenga 5000 bari bahungiye Ngouboua mu kwezi guheze, inyuma y'aho Boko Haram itereye igisagara ca Baga.

Chad ibaye igihugu ca kane gitewe na Boko Haram, ico gihugu kikaba cari gisanzwe cararungitse abasirikare muri Nigeria guhangana n'uwo murwi.