Boko Haram yateye Gombe muri Nigeria

Boko Haram Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram imaze kwica abantu ibihumbi n'ibihumbi muri Nigeria kuva mu 2009

Abagwanyi b'umuhari witwaza idini rya Islam Boko Haram bateye igisagara ca Gombe kiri mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria nk'uko bivugwa n'abahaba.

Abo bagwanyi barenganye bariyeri iri ku nkengera z'igisagara hanyuma urwamo rw'amasasu n'ibindi biturika rurumvikana, nk'uko ababibonye babivuze.

Ingabo za Nigeria zifashijwe n'indege y'intambara bivugwa ko ziriko ziragerageze gusubiza abo bagwanyi inyuma.

Nigeria yarasibije amatora yobaye kuri uyu wa mungu kubera amakenga y'iyo ntambara iriko irabera mu buraruko bushira ubuseruko.

Gombe- umurwa mukuru w'intara ya Gombe- wari umaze guterwa n'abihevyi baturitsa ama bombe ariko abamenyeshamakuru bavuga ko abarwanyi ba Boko Haram ari ubwa mbere bagize igitero bo nyene bwite muri ico gisagara.

Amakuru avuga ko abo bagwanyi babanje gutera igisagara ca Dadin Kowa, ku bikometero nka 40 imbere y'uko ushika muri Gombe.

Abasirikare bagwanira hasi bafashijwe n'indege bagerageje kubuza abo bagwanyi kwinjira mu gisagara.

Umunyamakuru wa BBC ari Abuja Abullahi Kaura avuga ko ababa muri ico gisagara bahungiye mu mashamba no mu misozi ihegereye.

Boko Haram igenzura ibice bitari bike vy'uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Iyo ntambara ya Boko Haram ubu yabaye ikibazo c'akarere kuko igeze mu bindi bihugu bine-Nigeria,Niger, Chad na Cameroun-bikaba mbere vyiyemeje gushinga umugwi w'inteko zo kurwanya uwo mugwi.

Uwo muhari nawo waciye utangura kwongereza ibitero muri Nigeria no muri ivyo bihugu.

Ku wa gatanu warateye ubwa mbere igihugu ca Chad, abagwanyi bawo bajabutse ikiyaga Chad mu bwato bune bw'imoteri hanyuma batera ikigwati mw'ijoro.

Abajejwe umutekano hamwe n'ababibonye bavuga ko abo bagwanyi ba Boko Haram bishe abantu 5 mu kigwati ca Ngouboua harimwo n'umukuru wacu, umupolisi hamwe n'aba civils batatu. Igisirikare ca Chad kivuga ko babiri mu bateye nabo bishwe.

Ariko hari amakuru avuga ko aba civils bishwe ari benshi kurusha aho.

Boko Haram, umuhari urwana ushaka gushinga leta igendera ku mategeko ya Islam umaze kwica abantu ibihumbi n'ibihumbi nabo abaharugwa muri za milioni bakaba barateshejwe izabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria kuva mu 2009.