Ikiringo ca 3 ca Pierre Nkurunziza: 'uwuzoja mw'ibarabara aragaba''

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Pierre Nkurunziza amaze gutorwa kabiri mu 2005 no mu 2010 nk'umukuru w'Uburundi

Ibiro vy'umukuru w'igihugu mu Burundi vyagabishije abantu bihereza amabarabara kugira imyiyerekano ko bazofatwa nk'abahungabanya umutekano.

Willy Nyamitwe, umujena mukuru w'umukuru w'igihugu ajejwe kumenyesha amakuru, yabivuze yishura akamo k'urunani rw'amashirahamwe 300 adaharanira inyungu za politike katewe umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza ngo ntarondere kwitoza kugira arongore uburundi ikiringo kigira gatatu.

Ayo mashirahamwe yabanje kwandikira umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza ikete ryo mw'ibanga. Abonye ataronse inyishu , ku wa gatatu yaciye avugira ku mugaragaro ko asaba Prezida Pierre Nkurunziza gukurikiza akarorero ka mugenziwe wa Republika Iharanira Democrasi ya Congo Joseph Kabila ''akareka guhiganirwa ikiringo kigira gatatu'', kugira akingire igihugu ''izindi ntureka''.

''Iryo kete nta nyishu twarihaye kuko prezida Pierre Nkurunziza amaze kwisigura kuri ico kibazo incuro nyinshi'', niko Willy Nyamitwe yabwiye itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Pierre Nkurunziza avuga ko umugambwe wiwe CNDD FDD ariwo uzogena uwitoza

Nyamitwe yabandanije avuga ko Pierre Nkurunziza yasiguye kenshi ko ''ari umugambwe wiwe CNDD FDD uzogena uwo uzoshira imbere ngo yitoze mu kibanza c'umukuru w'igihugu hisunzwe ibwirizwa nshingiro''.

Amatora y'umukuru w'igihugu mu Burundi ategekanijwe mu kwezi kwa gatandatu, hazoba habanje kuba mu kwa gatanu aya ma commune n'ay'abashingamateka.

Pierre Nkurunziza yatowe ubwa mbere nk'umukuru w'igihugu c'Uburundi mu 2005, asubira gutorwa mu 2010.

Ntaravugira ku mugaragaro ko azokwitoza ubugira gatatu, ariko yagumye asubiranwo ko hamwe umugambwe wiwe CNDD FDD womushira imbere atokwanka kuko uzotegerezwa kuba wabonye ko birekuwe n'ibwirizwa nshingiro.

Muri iryo bwirizwa harimwo ingingo imwe iteye impari kuri ico kibazo ariko abatavuga rumwe na reta n'amashirahamwe adaharanira inyungu za politike ashimika avuga ko Pierre Nkurunziza adakwiye kwitoza ubugira gatatu.

Amasezerano y'amahoro ya Arusha yo mu 2000 ariyo nkomoko y'iryo bwirizwa nshingiro avuga ko ata mukuru w'igihugu azotwara Uburundi imyaka irenga 10.