7 bahitanywe n'ikibombe c'umwihevyi muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Boko Haram ubu igenzura ibice bitari bike vy'uburaruko bushira ubuseruko bwa Nigeria

Umwihevyi w'umukobwa yaturikije bombe yica abantu nibura indwi ku gituro ca bisi cari cuzuye abantu mu gisagara ca Damaturu mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria.

Igipolisi kivuga ko abandi bantu 30 bakomeretse kuri uwo murwa mukuru w'intara ya Yobe.

Nta mugwi uravuga ko ariwo uri inyuma y'ico gitero ariko umuhari ugwana witwaza idini rya Islam Boko Haram wari umaze kugaba ibitero bene ivyo muri ico gisagara.

Ku wa gatandatu, abagwanyi ba Boko Haram baragerageje kwigarurira umugwa mukuru w'intara ya Gombe ihana urubibe na Yobe. Igisirikare ca Nigeria carabasubije inyuma cifashishije indege y'intambara.

Marcos Danladi, komiseri w'igipoliksi mu ntara ya Yobe, yavuze ko igitero c'uno munsi cabereye ku gituro c'imodoka ca Damaturu.

Amakuru avuga ko uwo mwihevyi w'umukobwa yaje mu mudoka hanyuma aja mu bantu bari imbere y'imangazini y'ivyamwa n'imboga aca aturitsa ivyo yari yiboheyeko.

Uwabibonye Adamu Muhammad avuga ko abantu bari kuri ico gituto ca bisi baciye batekerwa n'ubwoba bwinshi.

Abantu ibihumbi n'ibihumbi baramaze kwicwa abandi baharugwa muri za milioni barateshwa izabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Nigeria kuva Boko Haram itanguye intambara mu 2009.

Haheze iminsi uwo muhari ushaka gushinga reta igendera ku mategeko ya Islam utanguye gutera n'ibihugu bibanyi vya Nigeria: Cameroun,Chad na Niger.

Ivyo bihugu ubu vyumvikanye gushira hamwe inteko zo kurwanya uwo muhari.