Ukraine: agahengwe kubahirijwe

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abasirikare ba Ukraine bariko barakina umupira w'amaguru mw'ibarabara ryegereye Debaltseve ku munsi wa mbere wo kwubahiriza amasezerano

Intambara zacureshe mu buseruko bwa Ukraine ariko ntizahagaze rwowe kuva aho amasezerano yo guhagarika intambara agiriye mu ngiro,nk'uko bivugwa n'impande zirwana.

Abavugizi ba leta ya Ukraine n'abayigwanya bashigikiwe n'Uburusiya bavuze ko hari ibisasu vya muzinga vyakomeje kuraswa, cane cane mu micungararo y'igisagara ca Demaltseve cugarijwe.

Ariko impande zompi zemeza ko ayo masezerano yatanguye kuja mu ngiro isaha zitandatu z'ijoro ahanini yubahirijwe.

Intambara zikaze zari zabaye hafi ya Debaltseve imbere y'uko isaha y'amasezerano ishika.

Abaraba ibintu n'ibindi bavuga ko n'ayandi masezerano yo guhagarika intambara yamye atangura kwubahirizwa ariko mu nyuma agasendwa, bakaba bavuga ko amasaha 48 ari mbere ahambaye mu kumenya iyo ibintu bitera bija.

Umukuru wa Ukraine Petro Poroshenko, uw'Uburusiya Vladimiri Putin, uw'Ubufaransa Francois Hollande na ministre wa mbere w'Ubudagi Angela Merkel ku wa kane niho bashika kuri ayo masezerano mu biganiro vyamaze amasaha menshi ku murwa mukuru wa Belarus , Minsk.

Prezida Poroshenko yagabishije ko Ukraine ''itazohindukiza uwundi musaya'' hamwe ayo masezerano atokwubahirizwa.

Mw'ijambo yashikirije kuri television, yavuze ko ingabo ziri mu gisagara ca Debaltseve zaronkejwe ibindi bigwanisho.

Hagati aho, abategetsi babiri b'abagwanya leta bivugwa ko bavuze ko bafise ububasha bwo kurasa i Debaltseve , umwe bikaba bivugwa ko yavuze ngo ''n'akarere kacu'' kandi ko amasezerano yo guhagarika intambara yerekeye urugabano hagati y'ingabo zihanganye ku rugamba.

Abategetsi bavuga ko iyi ntambara kuva yadutse mu kwezi kwa kane imaze gvuhitana abantu barenga 5.400 mu buseruko bwa Ukraine , ariko ONU yibaza ko igitigiri c'abamanze gupfa kirenga aho.