Igisasu caturikirijwe kuri bisi muri Nigeria

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ibisasu bikunze guturitswa mu bibanza birimwo abantu benshi muri Nigeria

Abari iruhande bavuze ko ico gisasu catabuye imodokari yari ku gituro ca bisi hanze y'umuji wa Potiskum.

Umwe mu babibonye yabwiye BBC ko umuntu yari afise igisasu mu gasaho ka plastic, yashatse kurira muri bisi ariko agatangirwa n'abapolisi gatoyi imbere y'uko ico gisasu giturika.

Iki gitero ni ikigira kabiri kibaye aho mu muji wa Potiskum muri ino minsi.

Ku munsi w'Imana, ibisasu vyambitswe umwana muto w'umukobwa vyaturikijwe hanze y'isoko muri uwo muji nyene.

Ivyo bitero vyompi vyarezwe umurwi Boko Haram.