Urugendo rwo kwiyamiriza Boko Haram i Yaounde

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Ingabo za Cameroun ziri mu gikorwa co kurwanya Boko Haram

Abenshi mu bari mu myiyerekano bari bambaye imipira yanditseko amajambo yo gushigikira igisirikare.

Umurwi Boko Haram ukunze kugaba ibitero hirya no hino mu bihugu bibanyi vya Nigeria, harimwo Cameroun, ukica ukongera ukanyuruza abantu.

Igisirikare ca Cameroun kiri mu ntambara yo kurwanya Boko Haram, gifadikanije n'ica Niger, Tchad na Nigeria, kugirango ivyo bihugu birabe ko uwo murwi wotsimburwa.