Yatsinzwe kuko yabwiye umugore ko atamukunda

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Kubwira mugore ko atamukunda vyamuviriyemwo gucibwa amande

Uwo mugabo n'umugore bompi bashaka kwahukana, baja kuregera indishi, umwe yagiriza uwundi ko yamututse.

Ngo boba bateranye ayo majambo bubakanye, nk'uko bivurwa ku rubuga rw'ikinyamakuru "Daily Sabah".

Sentare y'intango yari yashinze ko bompi bakoze amakosa.

Ariko urubanza rwungurujwe, sentare nkuru igena ko amajambo umugabo yabwiye umugore wiwe ari ayo kumuhohotera.

Sentare isubiramwo yategetse ko umugabo aha indishi y'akababaro uwo mugore.

Uwo mugore yavuze ko amajambo yabariwe n'umugabo wiwe yamusizemwo imvune, kandi ko yamutaye mu nzu kenshi.

Ku ruhande rwiwe, umugabo yavuze ko umugore nawe yamututse kenshi yisubiriza.