Ihindurwa ry'ikiranaminsi c'amatora mu Misiri

Uwufise ububasha kw’isanamu BBC World Service
Image caption Misiri imaze igihe itagira urwego nshingamateka

Ayo matora yari kuba mu mpera z'uku kwezi, ariko sentare nkuru ya Misiri yategetse ko ibwirizwa rigenga uturere tw'amatora ridahuye n'ibwirizwashingiro.

Perezida Abdul Fattah al-Sisi yishuye kuri iyo ngingo ya sentare asaba ko hasubira gutegurwa irindi bwirizwa rigenga amatora mu kiringo c'ukwezi.

Misiri imaze igihe itagira urwego nshingamateka kuva mu 2012 igihe rwaseswa hakurikijwe itegeko rya sentare.

Ayo matora y'abashingamateka niyo ntambwe ya nyuma y'urupapuro rw'inzira rw'ikiringo nfatakibanza, rwateguwe n'igisirikare kuva mu kwezi kw'indwi mu 2013 inyuma y'ikurwa rya perezida Mohammed Morsi.