Abana mu ntambara ya Sudani y'epfo

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Bamwe mu bana bahawe inkoho ntibarenza imyaka 12

Igisirikare muri Sudan y'Epfo kivuga ko kigiye gusaba insiguro umwe mu bategetsi b'umugwi witwaje ibigwanisho ukorana naco wagirizwa kuba wanyuruje amajana y'abana ubava kw'ishure.

Umuvugizi wa gisirikare Col Philip Aguer yabwiye BBC ko uwo mukuuru w'umugwi Shilluk , Johnson Oloni yahamagajwe kwitaba kwisigura kuri iryo nyuruzwa.

Leta ya Sudan y'Epfo ivuga ko itagenzura bitaziguye uwo mugwi.

Ishirahamwe ryitaho abana UNICEF rivuga ko igitigiri c'abana batwawe n'umurwi Shilluk wa Johnson Oloni baharurwa mu majana, aho kuba 89 gusa nk'uko vyakekwa mbere.

Ababibonye bavuga ko abenshi muri abo bana bari bajanywe guhabwa imyimenyerezo ya gisirikare hafi ya Wau Shilluk mu ntara ya Upper Nile, kandi ko abana bato bafise imyaka nka 12 bari bafise inkoho.