Hussein Radjabu ''ntiyanyurujwe,yaratorotse''

Hussein Radjabu Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Hussein Radjabu (hagati y'abapolisi) yafashwe mu kwa kane mu 2007

Uwahoze ari umukuru wa CNDD FDD Hussein Radjabu ntiyanyurujwe ahubwo yaratorotse ibohero rikuru rya Mpimba, vyemejwe n'umwe mu bavugizi b'ubushikiranganji bw'ubutungane , Eliason Bigirimana.

Radjabu Hussein yabuze muri iryo bohero mw'ijoro ryo ku wa mungu rishira uwa mbere.

Bivugwa ko yajanye n'abandi banyororo 3 n'abapolisi 3 barimwo uwari ajejwe abacungera ibohero.

Mu banyororo bagiye harimwo Baudouin Ribakare azwi nka Ndindi yamenyereje imigwi itandukanye y'umupira w'amaguru harimwo umugwi w'igihugu, nk'uko umuyobozi w'ibohero rya Mpimba Astere Serusina yabibwiye umunyamakuru wa BBC Cyriaque Muhawenayo.

Ku bw'uwo muyobozi ,abo bapolisi bagiye batwaye inkoho zabo, umukuru wabo we akaba yagiye anajanye iradiyo bahanahana ko amakuru mu kazi, Motorolla.

Ku wa mbere umushingwamanza wa Hussein Radjabu Prosper Niyoyankana yabwiye radio RPA ko afise amakenga ku buzima bw'uwo yunganira kuko atazi iyo yagiye n'uburo yagiyemwo.

Radjabu Hussein yari hafi gukwiza imyaka 8 ari mu munyororo.

Yafashwe mu kwa kane mu 2007 yagirizwa kugerageza guhungabanya umutekano w'igihugu aca acirirwa imyaka 13 yo gupfungwa.

Inyuma y'amatora yo mu 2005, Hussein Radjabu niwe yaciye aba umukuru w'umugambwe CNDD FDD imbere yaho watwarwa na Pierre Nkurunziza yatsinze ayo matora akaba umukuru w'igihugu Hussein Radhabu nawe aca aba umushingamateka.

Mu kwezi kwa kabiri mu 2007 niho yakurwa muri ayo mabanga yo kurongora CNDD FDD mw'ikoraniro kamimuza yanse kwitaba avuga ko ritari rikurikije amategeko.