Iraq yatanguye ibitero vyo kugarura Tikrit

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ingabo za Iraq zongerekanye cane mu ntara ya Salahuddin

Ingabo za Iraq zatanguje igitero co kwigarurira Tikrit, igisagara c'amavukiro y'uwahoze atwara ico gihugu Sadam Hussein, zigikura mu minwe y'umuhari wiyita leta ya ki Ilam, Islamic State (IS) n'abayishigikiye.

Ingabo hamwe n'abagwanyi bo mu migwi yitwaje ibigwanisho bivugwa ko bateye ku mpande nyinshi, bashigikiwe n'indege z'intamnbara z'igisirikare ca Iraq.

Leta ivugwa ko ingabo zayo zirko zitera intambwe zigana ico gisagara ariko ivyo ntiberemezwa ku buryo bwigenga.

Umutegetsi w'abagwanyi b'aba Shia yabwiye BBC ko umujenerari wo muri Iran yitwa Qasem Soleimani nawe ari muri ico gikorwa.

Tikrit n'igisagara kiri ku birometero 150km mu buraruko bw'umurwa mukuru Bagdad mu ntara ya Salahuddin.

Cafashwe mu kwezi kwa gatnadatu mu 2004 na IS bafashwe n'imigwi y'aba Sunni igwanya leta ikiyoboka umugambwe Baath wahora ari uwa Saddam Hussein, uwo mugambwe ubu ukaba wartafuswe mu mategeko.