Burundi: Leta iravuga ko Radjab yatorotse

Eliason Bigirimana
Image caption Eliason Bigirimana

Mu Burundi, Ubushikiranganji bw 'ubutangane bwemeza ko Hussein Radjabu yahoze ari umukuru w 'umugambwe uri ku butegetsi CNDD-FDD yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba , ata nyurujwe nk'uko amakuru amwe amwe abivuga.

Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru ubwo bushikiranganji bwatangaje kandi ko amatohoza amaze gutangura kugira Hussein Radjabu co kimwe n'abo batorokanye n'ababafashije bose bafatwe.

Muri ico kiganiro camaze umwanya urume rumara, aho mbere abamenyeshamakuru batemerewe n'ukubaza ikibazo na kimwe , Eliason Bigirimana icegera c'umuvugizi w ubushikiranganji bw ' ubutungane yamenyesheje ko basanze Hussein Radjabu yatorotse ibohero rikuru rya Mpimba mw ijoro ryo ku wa mungu rishira uwa mbere ari kumwe n'abandi banyororo batatu.

Harimwo, Ribakare Baudouin batazira Ndindi yabaye umumenyereza w 'umugwi w 'igihugu w 'umupira wa maguru, Ndikumana Remy yarajejwe umutekano wiwe hamwe na cyriaque irankunda yamutegurira ibifungurwa muri iryo bohero .

Kandi ko basanze bababifashijwemwo n' abapolisi batatu bari kwizamu muri ryo joro barongowe na Horicumpende Ezechiel yararongoye ikirindiro c'igipolisi kw'ibohero rya Mpimba.

Uwo avugira ubushikiranganji bw 'ubutungane yamenyesheje ko ibivugwa ko Radjabu Hussein yoba yaranyurujwe atari vyo na gato, ko ahubwo yaratorotse abifashije n'abao bapolisi.

Ko ariko amatohoza yatangujwe kugira bafata abo banyororo batorotse n'abandi bose babibafashijemwo.

Kuva ku munsi w ejo ku muhingamo igipolisi catanguye gusaka imwe mu mihana ya bamwe mu begereye uwo yahoze arongoye umugambwe uri ku butegetsi cndd fdd aha mu gisagara ca bujumbura baraba ko ataho yiyengeje .

Uburanira Hussein Radjabu, bwana Prosper Niyoyankana mugabo yabariye BBC ko bafise impungenge zuko yoba yaranyurujwe ngo kuko hari n'abantu bagiye banyuruzwa bikavugwa ko batorotse.

Yatanze urugero nk'uwitwa Kagabo Evariste, Birori Nestor na Jean Petit Nduwimana wari umuyoboke we.

Prosper yavuze ko ivyo bimenyerewe mu Burundi aho abantu bavuga ko batorotse mugabo bakaza kubona ibiziga vyabo.

Hussein radjabu yari yatawe muri yompi itariki 27 z'ukwezi kwa kane mu 2007 yagirizwa kugerageza guhungabanya inzego z igihugu aho yaciriwe igifungo c imyaka 13.

Yari yagiye ku burongozi bw' umugambweCNDD-FDD inyuma y'amatora yo 2005, asubiriye Pierre Nkurunziza yarahejje gutsinda ayo matora, nawe acaba umushingamateka.

Mu kwezi kwa kabiri 2007 niho yakurwa muri ayo mabanga yo kurongora umugambwe CNDD FDD inyuma yaho yanse kwitabira ikoraniro kaminuza ry uwo mugambwe, aho mbere n'abashingamateka 22 bo muri uwo mugambwe bari bamushigikiye birukanywe mu nama nshingamateka y 'u Burundi.