Burundi: Itegeko kw'itangazamakuru ryasubiwemo

Abanyamakuru bo mu Burundi Uwufise ububasha kw’isanamu none
Image caption Abanyamakuru bo mu Burundi

Itegeko rigenga kumenyesha amakuru mu Burundi ryasubiwemwo n'inama nshingamateka.

Iryo tegeko ryatanguye kuja mu ngiro mu 2013 sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro yasanze hari ingingo zayo ziteye kubiri naryo nyuma y'urubanza rwashingishijwe n'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru mu Burundi.

Kimwe mu vyari bibabaje abamenyeshamakuru kwari uko iryo tegeko ryasubiwemwo ryavuga ko umumenyeshamakuru ashobora gutegekwa kuvuga uwamuhaye amakuru.

Ingingo 18 na 20 zabuzaga abanyamakuru gukora amakuru nazo zavuyemo.

Amande y'umurengera nayo yakuwemo.

Alexandre Niyungeko umukuru w'ishirahamwe ry'abamenyeshamakuru mu Burundi, UBJ, aravuga ko bashimishijwe niyo ntambwe itewe nubwo hakirimo ingingo yuko abamenyeshamakuru bazahanishwa amategeko mpanavyaha nibakora amakosa.

Iryo tegeko ricakeneye kubanza kwemezwa n'inama nkenguzamateka, no gushirwako umukono n'umukuru w'igihugu.