Tanzania: Imyuzure yahitanye abagera kuri 38

Imyuzure muri Shinyanga Uwufise ububasha kw’isanamu jamiiforums
Image caption Imyuzure muri Shinyanga

Hari imyuzure ivugwa mu majyaruguru y'uburengerazuba bwa Tanzania imaze guhitana abantu 38.

Igipolisi kiravuga ko imvura n'imiyaga myinshi yasenye amazu, izibira imihanda ikikuje umujyi wa Shinyanga.

Ibyo byaburijemo ibikorwa byubutabazi byari biri gukorwa.

Amakuru aravuga ko abantu amajana bakuwe mu twabo, abandi bagera kuri 60 barakomereka.

Abanyamakuru baravuga ko imyaka yasenywe n'amatungo arapfa.