Userukira Amerika muri Korea y'Epfo yakomerekejwe n'imbugita

Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Mark Lippert yakomeretse ku kiganza c'ibubamfu

Umunye Korea agendera ku vyiyumviro bikaze vyo gukunda igihugu ciwe (nationaliste) yakomerekeje n'imbugita uwuserukira Reta Zunze Ubumwe za Amerika muri Korea y'Epfo mu nama ijana no gufungura mu gitondo yariko irabera i Seoul, ariko uwo munyamerika ntiyababaye cane.

Mark Lippert, w'imyaka 42, yanakomeretse ku kiganza c'ibubamfu, amaraso akwiragira imeza bariko barafungurirako.

Abajejwe umutekano baciye basumira uwo mugabo, umwe amuciniyiriza hasi amuhonyoye kw'izosi gushika aho afatwa.

Korea ya Ruguru yavuze ko ivyashikiye uwo munyameerika ari ''igihano ku bakwezi b'ingwano b'abanyamerika''.

Uwo yateye umunyamerika yamenyekanye kw'izina rya Kim Ki-jong w'imyaka 55, asa n'uwavunitse ijisho ry'ikirenge muri ico gitero aca ajanwa na ambulance amaze gusambishwa.

Igipolisi ca Korera y'Epfo, kiriko kirarondera impusha zo gusaka inzu yiwe, gishaka kuraba niba afitaniye imigenderanire ya hafi na Korea ya Ruguru, nk'uko bitangazwa n'umunyamakuru wa BBC Stephen Evans.

Lippert yavuriwe ku bitaro ariko mu nyuma yandika kuri twitter ati: ''meze neza kandi niyumva neza...nzogaruka vuba hashoboka kugira nteze imbere urunani hagati ya Reta Zunze Ubumwe za Amerika na KOR (Republika ya Korea)''.

Prezida wa Amerika Barack Obama yahamagaye uwumuserukira kugira amwifurize ''gukira vuba'', nk'uko vyavuzwe n'umwe mu bategetsi ba Amerika.