Ahaba atahaba bizoba

Ubwongereza Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption David Cameron avuga ko azokwitaba ikiganiro kizoba kirimwo abandi bakuru b'imigambwe 6

Ibiganiro vy'impaka ku matora bizoba nk'uko vyateguwe ku television atatu imbere imbere y'amatora n'ubwo ministre wa mbere david Cameron avuga ko azoja muri kimwe conyene.

BBC,ITV,Channel 4 na Sky News zamenyesheje ko zizobandanya imigambi y'ibiganiro bitatu mu kwezi kwa kane.

Bibiri muri ivyo bitegekanijwe kuzoba birimwo abakuru b'imigambwe indwi harimwo n'ikindi kizohuza David Cameron na Ed Miliband arongoye Labour itavuga rumwe n'umugambwe wa Conservative wa Cameron.

Ayo ma television yasavye David Cameron gusubiramwo ingingo yo kwitaba gusa ikiganiro kizoba kirimwo abarongoye imigambwe indwi.

Umunyamakuru wa BBC araba ibibazo vya politike Alex Forsyth avuga ayo ma television avuga ko yiteguriye kureka intebe igaragara

ya ministre wa mbere mu gukora ikiganiro atarimwo.

Avuga ko ayo matelevision yibaza ko hakiri umwanya wo kuvugana na nomero 10 ya Downing Street (ibiro vya ministre wa mbere w'Ubwongereza ) ariko ko yamaze gufata ingingo yo kubandanya uko ibintu vyateguwe.

Uko ibintu bihagaze gushima ubu n'uko ayo matelevision avuga ko ibiganiro mpaka bizoba uko vyategekanijwe itariki 2, 16 na 30 z'ukwezi kwa kane.

David Cameron yavuze ko atazokwitaba ikiganiro comuhuje na Ed Miliband ari babiri gusa cobaye gitegekanijwe itariki 30 ukwezi kwa kane, indwi imwe imbere y'uko amatora aba.

Ministre wa mbere avuga ko ukuvugana ingene ibiganiro vyogenda vyabayemwo akajagari kandi ko ingingo yiwe ya nyuma ari ukwitaba ikiganiro kimwe imbere y'itariki 30 ukwezi kwa gatatu-ari kumwe n'abandi bakuru b'imigambwe 6-imbere y'uko kwiyamamaza bitangura.

Ibiro vy'umushikiranganji wa mbere biracarindiriwe gutanga inyishu ku vyashikirijee n'ayo matelevision.