Uburusiya: Umwe yemeye ko yishe Boris Nemtsov

Boris Nemtsov Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Boris Nemtsov

Abapererezi bo mu Burusiya barita iyicwa ry'umunyapolitike Boris Nemtsov nk'amasezerano yo kwica.

Urukiko rw'i Moscow rwavuze ko umugabo umwe Zaur Dadayev yemeye uruhare yagize mw'iraswa rye ryabereye hafi y'i Kremlin mu kwezi gushize.

Ni umwe mu bantu batanu bakekwa baturuka mu gace gatuwemo cyane n'abayisilamu mu majyaruguru ya Caucasus.

Umukuru wa Chechnya, Ramzan Kadyrov, yavuze ko yarazi ubwe bwana Dadayev nk'umuntu wita ku mahame ya kiyisilamu kandi ukunda igihugu cye cy'Uburusiya.

Prezida Ramzan yavuze ko bwana Dadayev yabaye umuyobozi wa batayo mu gisata kiyoborwa n'ubushikiranganji bw'ubutegetsi bw'igihugu mu Burusiya.