Ibindi bitero kuri IS muri Irake

Abasirikare b'aba Peshmerga ku kirindiro cabo Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abasirikare b'aba Peshmerga ku kirindiro cabo

Abasirikare b'Abakurde muri Irake bagavye ikindi gitero ku barwanyi b'umugwi wiyita leta ya Islam canke IS muri Irake, ngo bababuze kwegera umuji wa Kirkuk.

Abajejwe intwaro b'Abakurde bavuga ko ibitero vy'indege za Amerika n'abo bifatanije, biriko birafasha cane.

Abasirikare b'Abakurde bazwi kw'izina rya Peshmerga, bafashe umuji wa Kirkuk mu ci riheruka mugihe igisirikare ca Irake cari mu mazi abira kubera inguvu za IS.

Uwo muji uri hagati mu karere gafise ubutunzi bwinshi bw'ibitoro, wahaye ingoga nyinshi aba Kurde bakiwufata, ariko ushobora guterwa igihe ico arico cose na IS.