Muri Chad bugaye amashure yose kubera imvururu

Muri Chad ipikipiki nibwo buryo bwo kwiyunguruza bukoreshwa na benshi Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Muri Chad ipikipiki nibwo buryo bwo kwiyunguruza bukoreshwa na benshi

Abajejwe intwaro mu gihugu ca Chad bugaye amashure yose na za kaminuza nyuma y'iminsi hari imvururu z'abanyeshure zimaze kugwamwo abantu batatu.

Abo banyeshure bari mu myigaragamvyo biyamiriza amategeko mashasha y'umutekano w'abantu, abwiriza abagendesha amapikipiki bose kwambara inkofero zabigenewe, casque.

Abanye Chad benshi ntibashaka izo nkofero, ngo kuko, nk'uko babivuga, hashushe cane kandi nazo zikaba zizimvye.

Igiciro c'inkofero y'abagendesha ipikipiki carikuvye gatatu kuva iryo tegeko rigiyeko mu ntango za kuno kwezi.

Ipikipiki nibwo buryo bwo kwiyunguruza bukoreshwa cane muri Chad, aho bunakoreshwa nka taxi.