Mu Bufaransa baguye mu kantu kubera urupfu rw'abanonotsi

Ikibanza izo kajugujugu zaguyemwo zimaze kugongana Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Ikibanza izo kajugujugu zaguyemwo zimaze kugongana

Mu Bufaransa benshi bababajwe n'urupfu rw'abanonotsi batatu bari mu Bafaransa umunani baguye mu mpanuka ya kajugujugu zibiri zagonganye muri Argentine.

Iyo mpanuka yabaye bariko barafotora igikino gica kuri television.

Umukuru w'igihugu, Francois Hollande yavuze ko vyamubabaje cane mu gihe umukuru w'umugwi mpuzamakungu ujejwe inkino za Olympic, Thomas Bach, yavuze ko abegwa na Olympic bose bari mu kigandaro.

Abo banonotsi rurangiranwa bari Camille Muffat, yatsindiye umudari w'inzahabu wa Olympic mu kwoga i London; Alexis Vastine, akina iterana makofi muri Olympic; na Florence Arthaud, yasiganwa mu bwato buto bugenda ingendo ndende.

Abadereva babibi b'abanye Agentine bari batwaye izo ndege bahasize ubuzima.