Impfungwa ya mbere ya Sierra Leone yavuye mu Rwanda

Abanye Sierra Leone bapfungiwe mu Rwanda bahamwe n'ivyaha vyo mu ntambara yo mu gihugu cabo Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abanye Sierra Leone bapfungiwe mu Rwanda bahamwe n'ivyaha vyo mu ntambara yo mu gihugu cabo

U Rwanda ruheruka kurekura umuntu wa mbere ava mu gihu ca Sierra Leone, yari apfungiweyo kubera ivyaha vyo mu ntambara.

Moimina Fofana yari amaze bibiri vya gatatu vy'igipfungo yakatiwe na sentare mpanavyaha mpuzamakungu yihariye ku gihugu ca Sierra Leone.

Uwujejwe amabohero mu Rwanda, Gen Maj Paul Rwarakabije, yabariye BBC ko uwo mugabo yari asigaje imyaka itatu mu gipfungo c'imyaka cumi n'itanu yakatiwe.

Kuri ubwo, amategeko akaba amwemerera kurekurwa vy'agateganyo, ubu akaba ari munzira yerekeza iwabo muri Sierra Leone.

U Rwanda rusanzwe rucumbikiye impfungwa umunani zo muri Sierra Leone, harimwo na Fofana aheruka kurekurwa.

Bazanywe gupfungirwayo ku mwumvikano wa leta y'u Rwanda hamwe n'iyo sentare.

Gen Maj Rwarakabije avuga ko abandi indwi basigaye bagifise igihe kire kire mu gifungo cabo kugira bashikane bibiri vya gatatu ngo nabo barekurwe vy'agateganyo.