Iraswa ry'abapolisi i Ferguson ryiyamirijwe

Abapolisi barashwe i Ferguson mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza igipolisi Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Abapolisi barashwe i Ferguson mu myigaragamvyo yo kwiyamiriza igipolisi

Umushikiranganji ajejwe ubutungane muri leta zunze umwe za Amerika, Eric Holder, yavuze ko iraswa ry'abapolisi babiri mu muji wa Ferguson ari ikibi kitagira ibara.

Abo bapolisi bakomerekeye mu myiyerekano yakurikiye itangwa ry'imihoho ry'umukuru w'igipolisi i Ferguson.

Icegeranyo giheruka, cagirije ibiro vyiwe kuba bifise amacakubiri.

Uwundi mukuru w'igipolisi yavuze ko abapolisi biwe batunguwe n'ubunini bw'imyigaragamvyo.

Jon Belmar, asanzwe ari umukuru w'igipolisi i St Louis, yahakanye ivy'uko abapolisi biwe bakoresheje ibirwanisho, avuga ko hashobora kuba hari amakuru y'aboba bakomerekeje abapolisi biwe.

Yongeyeko y'uko abo bapolisi batakomeretse bikomeye.

Uruhagarara i Ferguson rwatanguye mu mwaka uheze, aho umupolisi yarasa umusore w'umuyabaga w'umwirabura atari afise ikirwanisho.