15+6 vyahagaritse ubukwe mu Buhindi

Umugeni yahagaritse ubukwe bitewe n'uko umugabo wiwe ata shure afise Uwufise ububasha kw’isanamu thinkstock
Image caption Umugeni yahagaritse ubukwe bitewe n'uko umugabo wiwe ata shure afise

Igipolisi mu buraruko bw'Ubuhindi kivuga ko umugeni yavuye mu bukwe arigira, bitewe n'uko umugabo wiwe yananiwe ibiharuro (imibare) bisanzwe.

Uwo mugeni yamubajije cumi na gatanu guteranya gatandatu, ico bitanga.

Umugabo atanze inyishu itariyo mu kuvuga ati: indwi, umugeni yaciye ahagarika ubukwe avuga ko bigaragara neza ko uwo musore ata mashure afise.

Igipolisi mu ntara ya Uttar Pradesh, aho ubwo bukwe bwariko burabera, kivuga ko cafashije kugira impano hamwe n'ibindi vyose vyari vyatanzwe, bisubizwe.

Mu kwezi guheze, ubundi bukwe mu Buhindi bwavugishije benshi aho umugeni yubakanye n'umutumire mu bukwe, bitewe n'uko uwo bari kwubakana yafashwe n'intandara.