Congo ishaka gusubiramwo ikibira ca Virunga

Ingagi
Image caption Ingagi zo mu misozi nta handi zisigaye

Ministre wa mbere wa Congo avuga ko ico gihugu kiriko kiravugana na UNESCO n'abandi bafashanya mw'iterambere kugira hashobore kwimbwa ibitoro mu kibira c'inyamaswa ca Virunga.

Ico kibira gisanzwe ari umurage w'isi.

Mu kiganiro na BBC, Matata Ponyo yavuze ko bariko barondera gusubiramwo aho ikibira ca Virunga kigarukira kugira ibitoro bishobore gucukurwa.

Kompanyi yatoye ko hari ibitoro muri ico kibira ni Soco yo mu Bwongereza.Yavuze mu kwezi kwa gatandatu ko idashobora kwimba ivyo bitoro mu kibanza c'umurage w'isi kiretse leta yumvikanye na UNESCO kuri ico kibazo.

SOCO mu 2010 niho yaronka ubureganzira ku bitoro vyo muri Virunga, ikibira ca mbere ca kera gikingiwe muri Africa kirimwo zimwe mu nguge (ingagi) zo mu mitumba ata handi zisigaye kw'isi.

Ariko kandi ngo kirimwo ibitoro biciye za miliardi z'ama dollars.

Amashirahamwe aharanira ibidukikije yari yafashe nk'intsinzi kwumva ko SOCO ataco izokorera muri icoi kibira hatabaye ukwuvikana hatati ya leta ya Congo na UNESCO.

Ayo mashirahamwe nka WWF afise ubwoba ko ibitoro bishobora guseseka muri ico kibira vyogeramira ubuzima bw'inyabuzima biharangwa.

None ubu Soco ivuga ko itewe amakenga no gusubiramwo ingene ico kibira kingana kugira ibitoro vyimbwe, kuko ico coca kigabanywako 40 kw'ijana y'ingene cangana.

Ponyo yabwiye BBC ko Soco yayishikirije ico kibazo c'ugusubiramwo ubunini bw'ikibira ariko ko iyo komanyi itari mu biganiro biriko biraba na Unesco.

Mw'itangazo yashize ku rubuga rwayo rwa internet ku wa kane, Soco yemeye ko leta ya Congo yiteze ibizova mu biganiro na UNESCO kandi bitarahera, ko yo itabirimwo. Yavuze ko ata kindi gikorwa izokora kijanye n'ico kibira.