Umushikiranganji muri Africa y'Epfo yaguye mu mpanuka

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty
Image caption Chabane vyavugwa ko yari somambike na prezida Zuma, kuri iyo foto akaba yari ahagaze inyuma yiwe mu 2012.

Umushikiranganji muri leta ya Africa y'Epfo , Collins Chabane, na babiri mu bamucungerera ubuzima, baguye mu mpanuka y'imodoka.

Imodoka yabo yasekanye n'ikamyo mu buraruko bushira ubuseruko bw'igisagara ca Polokwane.

Chabane, w'imyaka 54, yari ministre ajejwe ibikorwa vya leta, akaba yari muri komite nshingwabikorwa vy'umugambwe ANC uri ku butegetsi akaba na somabike cane na prezida Jacob Zuma.

Niwe yari ajejwe gutegura ibirori vyo gushingura Nelson Mandela.

Zuma yavuze ko ababajwe cane n'urwo rupfu ruhitanye mugenziwe avuga ko ari igihombo kinini kuri leta n'igihugu cose.

Yahojeje umugore wa Chabane Mavis hamwe n'imiryango ya Sgt Lesiba Sekele na Sgt Lawrence Lentsoane, nabo baguye muri iyo mpanuka.

Umushoferi w'ikamyo basekanye ariko arakorwako amatohoza yo kuraba ko atishe abantu atabishaka, nk'uko vyandikwa n'itororokanirizo ry'amakuru AFP.

Mi bitera amasanganya menshi muri Africa y'Epfo harimwo kunywa inzoga nyinshi no kunyaruka cane mu gihugu kitagira inzira za gari ya moshi zo gutwara imizigo aho abagendesha imodoka ntonto basangira ibarabara n'ibikamyo binini bitwaye ubutare canke amabuye y'agaciro.