Ibitoro biracakenye i Bujumbura

Bujumbura Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Aho igitoro kibonetse hatonda imodoka nyinshi

Mu Burundi kuva mu ndwi iheze hari ubukene bw'igitoro aho ku ma station ata kiharangwa aho kiri naho hakibonekeza imirongo miremire.

Abarondera uburaro n'uburamuko mu gukoresha ibintu bikenera igitoro nk'ama bisi, ama taxi n'ibindi bavuga ko igihombo kimaze kuba kinini cane.

Abaserukira abarangura ibitoro hanze ntaco bashima gushikiriza ku mvo z'iryo kena n'ubwo kuri uyu wa mbere babonanye n'umushikiranganji ajejwe ubudandaji n'amahinguriro.

Abazana igitoro bagikura hanze bavuga ko insiguro zotangwa n'ubushikiranganji bujejwe ubucuruzi n'amahinguriro.

N'ubu umushikiranganji w'ubudandaji yemeza ko haheze igihe abadandaza bataronka uburyo bukwiye bwo kuja kurangura ico gitoro mu mahanga.

N'ubwo asa n'uwushaka kwemeza ko amafaranga y'agaciro atigeze akena gose, umushikiranganji Marie Rose Nizigiyimana yabwiye BBC ko abo badandaza bafise ibirarane vy'ama factures batarariha.

Ama factures y'ibitoro bamaze kurangura hanze y'igihugu, ahuye na miliyoni 14 z'ama dollars ya Amerika.

Leta ngo imaze guha igisata c'ibitoro imiliyoni 10 muri uku kwezi, ariko ayasigaye, ngo ntazi ko araboneka.

Kutariha ama factures ngo kwatumye ku masoko mpuzamakungu batera icizere abadandaza b' igitoro b'iBurundi.