11 batawe muri yompi i Goma

Kinshasa Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Mu kwezi kwa mbere harabaye imyiyerekano yo kwiyaniriza ubutegetsi bwa presida Joseph Kabila

Abantu nibura 11 bafashwe mu gisagara ca Goma kiri mu buseruko bwa Republika iharanira demokrasi ya Congo bari mu myiyerekano yo kwiyamiriza abashigikiye demokrasi bafashwe, nk'uko bivugwa n'abategetsi.

Aba Biligi 2 bari muri iyo mwiyerekano bakubaguwe n'abajejwe umutekano, nk'uko bivugwa n'ibiro vy'uwuhagarariye Ububiligi.

Leta ya Congo yagirije abo bashigikiye demokrasi bafatiwe Kinshasa, barimwo abanye Senegal n'abanye Burkina Faso, ko bari mu mugambi wo kugumuka bashigikiwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika.

Amerika irabihakana.

Yavuze ko inama ishigikiye demokrasi yashaka kubera Kinshasa ku wa mungu ata ruhande rwa politike yari yegamiye.

Abantu nibura 40 barishwe mu myiyerekano mu kwezi kwa mbere igihe abatavuga rumwe na leta bashikiriza amakenga ko prezida Joseph Kabila yari afise imigambi yo gutevya amatora kugira abe araguma ku butegetsi-ibintu leta yahakanye.

Umukuru w'urwego rwa ONU muri Congo, Martin Kobler, yavuze ko atewe amakenga n'iryo fatwa, abaserukira Ububiligi na Amerika nabo bakaba bari mu mibonano n'abategetsi ba Congo kugira bavugane ico kibazo.

Imyiyerekano ya Goma yabereye imbere y'ibiro vy'igihugu bijejwe iperereza.

Abo Babiligi bakubaguwe barimwo umuhinga mu vya kahise, yahavuye ajanwa mu bitaro kuvurwa aho yakomeretse, n'umumenyeshamakuru nk'uko bivugwa n'umuvugizi wa ambassade y'Ububiligi.

Abajejwe umutekano bavuze ko abantu 11 bari mu myiyerekano-bose b'abanye Congo bafashwe, mu gihe abari batunganijwe iyo myiyerekano bavuga ko abafashwe ari 12.

Ku wa mungu, umwe mu baserukira Amerika muri Congo, Kevin Sturr yarafashwe n'igipolisi ca Congo ubwo yari mu kiganiro n'abamenyeshamakuru cari catunganijwe n'abashigikiye demokrasi. Mu nyuma yararekuwe, ariko abashika 18 muri abo bari babiteguye baraci mu minwe y'inzego zijejwe umutekano.

Barimwo abanye Burkina Faso n'abanye Senegal bagize uruhara mu gutegura imyiyerekano yatumye hatembagazwa prezida Blaise Compaore mu mwaka uheze n'ukugeregeza k'uwari prezida wa Senegal Abdoulaye Wade kwongereza ikiringo ku myaka 12 yari amaze atwara mu 2012 aciye kubiri n'ibwirizwa nshingiro.