Kikwete avuga iki ku matora yimirije iBurundi?

Image caption Perezida wa Tanzania Kikwete ari kumwe na mugenzi w'Uburundi Pierre Nkurunziza.

Abo bakuru b'ibihugu baganiriye ibijanye n'ugutsimabataza imigenderanire hagati y'ivyo bihugu uko ari bibiri hamwe n'ivyerekeye amatora yimirije mu Burundi.

Mu kiganiro Prezida Kikwete yahaye abamenyeshamakuru inyuma y'urwo rugendo yamenyesheje ko uwushaka kwitoza wese mu kibanza c'umukuru w'igihugu ategerezwa kwubahiriza ibwirizwanshingiro ry' Uburundi n'amasezerano ya Arusha.

Muri ico kiganiro perezida wa Tanzania Jakaya Kikwete yamenyeshe ko yaje mu Burundi nk'uwurongoye ishirahamwe ry'ibihugu vya Africa y'ubuseruko EAC.

Perezida Kikwete yazanywe mu Burundi n'inama igira gatanu y'inama nshingamateka ya Afrika yo mu buseruko, EALA.

Kuva kuri uyu wa kabiri hakoraniye inama nshingamateka yo muri uyo muryango kugira barabire hamwe ingene ibihugu bigize uwo muryango vyobandanya bikorera hamwe.

Prezida Kikwete yamenyesheje kandi ko mu mubonano na prezida NKurunziza baganiriye ingene boteza imbere imigenderanire iri hagati ya Tanzania n'Uburundi, harimwo umugambi w'inzira y'indarayi izohuza ivyo bihugu n'uguteza imbere uruja n'uruza rw'ibidandazwa bishikira ku kivuko c'i Dar es Salam.

Nayo kubijanye n'amatora yimirije mu Burundi aho hari ibivugwa ko hashobora kwaduka uruhagarara mu gihugu.

Prezida Jakwaya Kikwete amenyesha ko basavye bose n'ikibazo c'amatora, gukora ibishoboka kugira amatora agende neza mu kwubahiriza amategeko.

Perezida Kikwete yavuze ko muri ayo matora, ibwirizwanshingiro, itegeko rigenga amatora n'amasezerano ya Arusha bijeneye kubahirizwa.

Nayo ngo mugihe hoba impari kubijanye n'ibiringo vy'umukuru w igihugu, ntihagire uwushima ingingo iyi canke iriya, prezida Kikwete asaba abarundi kwitura ubutungane ntibakoreshe inguvu.