Yemen: Ibitero vy'indege mu muji wa Sanaa

Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Yemen-Aden

Perezida Hadi yagiye Aden, ahunze abarwanyi b'aba Houthi bari bafashe umurwa mukuru Saana.

Hari amakuru atandukanye, yavuga ko izo ndege zaturutse Sanaa, zoba zashaka gutera ikibanza perezida arimwo muri kino gihe.

Abariyo bavuga ko babonye inkingi y'umwotsi iduga ituruka muri ico kibanza, igihe inkoho zirasa za kajugujugu zarekura umucanwa.

Ivyo vyabaye gatoyi inyuma y'aho ingabo za perezida Hadi zihereje kwirukana ikindi gitero c'abarwanyi bashigikiye uwo murwi w'aba Houthi, cari cagabwe ku kibuga c'indege.