Sierra Leone iracahanganye na Ebola

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Haracari bashasha bandura Ebola muri Sierra Leone

Umuvugizi wa leta yabwiye BBC ko kugumiza abo bantu iwabo, bizoba mu murwa mukuru Freetown no mu bice vyo mu buraruko bw'igihugu, kuva kuwa 27 kugeza 29 z'uku kwezi.

Abakozi bo kwa muganga bazogendera iyo mihana, baraba ko hari aboba bafise ibimenyetso vy'ingwara ya Ebola, banabibutsa ingaruka zo gukora ku mivyimba y'abahitanywe na Ebola.

Bazobibutsa kandi kwirinda kujana abarwayi ba Ebola kwa ba Rumenyi canke abavuzi ba gakondo.

Muri Sierra Leone na Guinee, hakomeza kuboneka abantu bashasha banduye ingwara ya Ebola.

Mu Liberia hoho nta murwayi mushasha wa Ebola aherutse kuboneka muri izi ndwi zitatu ziheze.