Sentare mu Buhindi yejeje abapolisi nyuma y'imyaka hafi 30

Abo bapolisi bagumye mu kazi imyaka mirongo itatu urubanza rumaze Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Abo bapolisi bagumye mu kazi imyaka mirongo itatu urubanza rumaze

Sentare ku murwa muku w'Ubuhindi, New Delhi, yejeje abapolisi 16 icaha co kwica Abaislam barenga mirongo ine mu rubanza rwavuzwe cane rwari rumaze imyaka hafi 30.

Abo bapolisi bagirijwe kwegeranya abantu mu muji wa Meerut mu buraruko bw'Ubuhindi, mu gihe c'akaguma hagati y'Abahindi n'Abaislam mu 1987.

Ngo baciye babarasa, ibiziga vyabo babita mu ruzi.

Sentare yavuze ko ata bimenyetso bikwiye biriho vyerekeye ibiranga abo bishwe.

Abo bapolisi bagirizwa babandanije akazi kabo igihe cose urwo rubanza rwariko ruraba.