Israel yoba yaranetse Amerika?

Image caption Amabendera ya Isreal na Amerika

Ivyo vyavuzwe inyuma y'inkuru yanditswe n'ikinyamakuru cavuze ko Israel yasumye urusaku ku biganiro Leta zunze Ubumwe za Amerika yagiranye na Iran ku mugambi wayo w'inguvu za nucleair.

Uwo mutegetsi atavuzwe izina, yabariye ikinyamakuru Wall Street Journal, ari naco cabitangaje, ko gusumanako urusaku hagati y'ivyo bihugu ari kimwe, ariko ko Israel yiba amabanga ya leta Amerika hanyuma ikayashira abashingamateka ari ikindi kindi.

Israel yagerageje kuva kera kuburizamwo umwumvikano woba hagati ya Leta zunze Ubumwe za Amerika na Iran.

Kandi ishigikiwe muri ivyo n'umugambwe w'aba Republicains, utumvikana na perezida Obama.