Ingabo za MONUSCO zizogabanywa

Uwufise ububasha kw’isanamu AFP Getty
Image caption Ingabo zo mu rwego rwa MONUSCO ziri muri DRC

Urwo rwego rwa ONU, ari narwo runini kurusha izindi kw'isi, rurimwo ingabo 19000.

Iyo ngingo ya ONU ikurikiye amajambo yavuzwe n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Congo, ko igihugu ciwe kigeze aho gishobora kwicungerera umutekano.

Ariko umukuru w'urwo rwego rwa ONU muri Congo, ndetse n'amashirahamwe yigenga ategamiye kuri leta, yavuze ko hari vyinshi bigikenewe gukorwa mu ntumbero yo kugabanya ibikorwa n'imirwi yitwaje ibirwanisho ku banyagihugu.

Kandi ngo niyo izo ngabo za MONUSCO zogenda, vyoba buke buke.

Muri ico gihugu haracari imirwi yitwaje ibirwanisho igera ku 30, cane cane mu buseruko bw'igihufu, yatumye abanyagihugu baharurwa mu bihumbi bata ingo zabo.