Al Shabaab yateye ihoteri i Mogadishiu

Al Shabaab ikunze kugaba ibitero i Mogadishiu. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Al Shabaab ikunze kugaba ibitero i Mogadishiu.

Abarwanyi b'umurwi Al shabaab muri Somalia bateye ihoteri izwi cane mu murwa mukuru Mogadishiu.

Binjiye muri iyo Hotel, Maka al Mukarama, inyuma yaho umwiyahuzi aturikirije imodokari hanze yaho.

Umunyamakuru wa BBC ari muri uwo muji yavuze mu masaha make aheze, ko abo barwanyi ba al shabab bari bakiri muri iyo hoteri, kandi amasasu yari akivuga.

Biravurwa ko hari abahasize ubuzima.

Si ubwa mbere uwo murwi utota ibibanza nk'ivyo vy'amahoteri, mu bitero ukunda kugaba ku murwa mukuru Mogadishiu.