Uruzinduko rwa Dlamini-Zuma mu Burundi

Dlamini-Zuma yavuze ko amategeko ategerezwa kwubahirizwa. Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Dlamini-Zuma yavuze ko amategeko ategerezwa kwubahirizwa.

Nkosazana Dlamini- Zuma yamenyesheje ko mu mubonano na Prezida Nkurunziza, bemeranije ko Uburundi bukeneye amahoro muri kino gihe kurusha ikindi gihe cose kandi ko Prezida Nkurunziza yemeye ko ariwe afise uruhara rukomeye kugira amahoro atsimbatare.

Yamenyeshe kandi ko baganiriye no ku kibazo kimaze iminsi kivugwa cane cerekeye ugusubira kwitoza kwe mu matora y'umukuru w'igihugu, aho ngo mbere bashikirije aho umuryango w'ubumwe bwa Afrika uhagaze.

Dlamini-Zuma yagize ati: "Ntiyatubwiye ko azitoza nuko atazokwitoza ariko iciza gihari ni uko hari ho amasezerano y'i Arusha, hariho ibwirizwa nshingiro, amategeko agenga amatora, kandi ayo yose ategerrezwa kwubahirizwa uko bigenda uko ariko kwose. Aho ishirahamwe ry'ubumwe bwa Afurika rihagaze ni uko amategeko ategerezwa kwubahiriza."

Imbere yo kubonana n'umukuru w'igihugu, uwo arongoye urwego rw'umuryango w'ubumwe bwa Afrika yabonanye n'abarongoye imigambwe, amashirahamwe adaharanira inyungu za politique, abarongoye amadini n'abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi, aho ngo berekanye amakenga bafise mu gihe Prezida Nkurunziza yosubira kwitoza mu kibanza c'umukuru w'igihugu.

Uru rugendo rwa Dlamini-Zuma mu Burundi rubaye mu gihe hasigaye amezi abiri ngo amatora ya mbere ategekanijwe mu kwezi kwa gatanu k'uno mwaka atangure. Amatora y'umukuru w'igihugu yo azoba mu kwezi kwa gatandatu.

Rukurikiye kandi urwa Prezida wa Tanzania Jakaya Kiketwe, arongoye ishirahamwe ry'ibihugu vyo muri Afrika yo mu buseruko EAC, n'urugendo rw'intumwa z'akanama ka ONU kajejwe umutekano aho bose basavye ko ata kindi coshirwa imbere atari amasezerano ya Arusha n'ibwirizwa nshingiro ry'Uburundi.