Intara 6 zahinduriwe abategetsi mu Burundi

Uburundi

Inama nkenguzamateka y'Uburundi yemeje amazina y'abantu batandatu bashasha prezida Pierre Nkurunziza agiye kugena ngo batware intara 6 kuri 18 zigize igihugu.

Zimwe muri izo ntara abahora bazirongoye bari mu bashize umukono ku rwandiko rwa bamwe mu banywanyi b'umugambwe uri ku butegetsi CNDD FDD banditse basaba umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza kutitoza ubugira gatatu.

Izo ni Bubanza, Karuzi na Muramvya

10 muri abo bashize umukono kuri urwo rwandiko barimwo uwahora ari umuvugizi w'umukuru w'igihugu Leonidas Hatungimana n'uwahora ari umuvugizi w'umugambwe CNDD FDD Onesime Nduwimana barafuswe mu mugambwe mu nyuma bakurwa mu kazi.

Onesime Nduwimana yahora arongoye inzu yo gutegekaniriza impanuka assaurance SOCABU.

Izindi ntara zigiye kuronka abategetsi bashasha ni Rumonge nayo nyene isanzwe ari intara nshasha hamwe rero na Bujumbura rural na Bururi.

Rumonge yemejwe kuba intara nshasha n'inama nshingamateka na nkenguzamateka mu kwezi kwa kabiri.

Rumonge igizwe na commune za Rumonge, Burambi na Buyengero zahora kuri Bururi hamwe na Bugarama na Muhuta zahora ziri ku ntara ya Bujumbura rural.

Izo ntara zihinduriwe abategetsi hasigaye ukwezi kumwe ngo habe amatora y'abajenama b'ama commune n'abashingamateka mu kwezi kwa gatanu azokurikirwa n'ay'umukuru w'igihugu mu kwezi kwa gatandatu.

Ikibazo c'ikiringo ca gatatu c'umukuru w'igihugu Pierre Nkurunziza kirakomeje gutera impari.

Yagumye kuvuga ko umugambwe wiwe umugenye ngo yitoze atazokwanka mu gihe abatavuga rumwe nawe, abatarondera inyungu za politike n'amakungu bamusaba kutabikora mbere bagabisha ko bishobora gutera uruhagarara mu gihugu.

Ikoraniro kaminuza ry'umugambwe CNDD FDD ryo kwiga ico kibazo ntiriraba.