Umukuru wa Iran yiyemeje kwubahiriza amasezerano

Image caption Hassan Rouhani avuga ko uwo mwumvikano wa mbere ari intambwe

Umukuru wa Iran yiyemeje kuzokwubahiriza ivyapfunditswe mu mwumvikano wa mbere wahizweko umukono n'ibihugu bitandatu bikomeye cane kw'isi, mu gihe navyo vyoba biyubahirije.

Hassan Rouhani yavuze mw'ijambo yashikirije igihugu kuri television ati: ''Amakungu ategerezwa kumenya ko tudafise umugambi wo kwiba''

Ariko Rouhani yagabishije avuga ko Iran izorondera izindi nzira hamwe ibihugu bikomeye kw'isi ''umunsi umwe vyofata inngingo yo gufata iyindi nzira''.

Uwo mwumvikano wa mbere washitsweko ku wa kane utegekanya ko Iran igabanura ibikorwa vyayo vya nucleaire hanyuma nayo ikagabanirizwa ibihano.

Imbere y'aho ministre wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yari yavuze ko uwo mwumvikano ubangamiye cane umutekano w'akarere cane cane uw'igihugu ciwe.

Yavuze ko amasezerano ya nyuma azoshikwako imbere y'itariki 30 ukwezi kwa gatandatu azotegerezwa kuba arimwo ''ingingo y'uko Iran yemeye ku mugaragaro kandi mu majambo atomoye ko yemera uburenganzira bwa Israel bwo kubaho''.

Netanyahu yavuze ati '' Israel ntizokwemera amasezerano aha igihugu carahiye kutumara ububasha bwo gukora ibigwanisho ruhonyanganda''.

Prezida Rouhani yasubiye kwibutsa ko umugambi wa nucleaire wa Iran ari uw'amahoro.

Prezida wa Leta Zunze Ubumwe za Amerika Barack Obama yavuze ko uwo mwumvikano wa mbere uzotuma isi igira umutekano kurusha kuko uzopfunga inzira zose Iran yocamwo kugira ikore ibigwanisho ruhonyanganda.