Ibiziga vy'abiciwe Garisa vyajanywe Nairobi

Garisa Uwufise ububasha kw’isanamu bbc
Image caption Imirongo ni miremire ku buruhikiro aho abantu baje kuraba ko bomenya ibiziga vy'ababo

Ibiziga vya benshi mu bishwe n'intagondwa z'aba Islam kuri kaminuza yo muri Kenya biriko burashikanwa ku murwa mukuru Nairobi kugira bamenye umwidondoro.

Nibura abantu 147 barishwe igihe abrwanyi ba al-Shabab batera kaminuza ya Garisa mu buraruko bushira ubuseruko bwa Kenya, hafi ya Somalia.

Bane mu bari muri ico gitero barishwe n'inzego zijejwe umutekano.

Igipolisi mu gihugu kibanyi ca Uganda kivuga ko kirikanuye inyuma yo kuronka amakuru ko al-Shabab yariko irategura igitero nk'ico muri ico gihugu.

Uburuhukiro bwo muri Garisa bwararengewe kandi benshi mu banyeshure bishwe bava mu yindi mihingo y'igihugu.

Umunyamakuru wa BBC Anne Soy yabonye ambulance ziva ku kigo ca kaminuza ya Garisa ku wa gatanu. Amajana n'amajana y'abacitse kw'icumu nabo barungitswe i muhira iwabo.

Ugufuba aba Islam bishwe muri ico gitero gutegekanijwe kuri uyu wa gatanu.

Ingingo y'uko atawutembera kuva ku mugoroba gushika mu gitondo yafatiwe akarere kose k'uburaruko bushira ubuseruko bwa Kenya.

Abantu bihishije mu maso bashwaye ico kigo ka kaminuza mu mutwenzi ku wa kane, barasa bongera basemerera ngo ''turi al-Shabab''.

Harabazwa ibibazo vyinshi ku buryo umutekano w'iyo kaminuza wari ucungerewe. Umwe mu bacitse kw'icumi, yinyegeje mu bisaka amasaha atanu, yabwiye BBC ko abanyeshure bari bavuze ico kibazo mu mpera z'umwaka uheze, ariko abantu babiri bafise ibigwanisho nibo bonyene bari barungitswe gucungera ico kigo.

Umwe mu banyeshure bake baturuka muri ako karere, yavuze ko atazosubira guhonyoza ikirenge kigo c'iyo kaminuza.

Abanyeshure barenga amajana atanu baroshoboye guscika kw'icumu.

Al-Shabab ifitaniye isano na al-Qaeda, yavuze ko ariyo yagavye ico gitero. Uwo muhari uvuga ko uri mu ntanmbara n'igihugu ca Kenya carungitse ingabo muri Somalia mu 2011 kurwanya izo ntagondwa.

Vyitezwe ko abategetsi ba Kenya bakora inama yihuta yo kwiga ikibazo c'umutekano muri ako karere mu gihe hari abavuga ko Garisa yari kuba yakingiwe kuva kare.