Abanyarwanda bigaragambije imbere y'ibiro vya BBC

Bamwe mu Banyarwanda baba mu Bwongereza mu myigaragamvyo imbere ya BBC
Image caption Bamwe mu Banyarwanda baba mu Bwongereza mu myigaragamvyo imbere ya BBC

Kuri uno munsi hibukwa jenoside yo mu Rwanda ku nshuro igira 21, bamwe mu Banyarwanda baba mu Bwongereza bagize imyigaragamvyo imbere y'ibiro vya BBC i London.

Bavuga ko baje kwibuka abahitanywe na jenoside mu Rwanda mu 1994, ariko kandi bakaba baje gusaba BBC kubaha inyishu y'icatumye itunganya ikiganiro "Rwanda's untold story".

Muri ico kiganiro caciye kuri television BBC 2 mu Bwongereza mu kwezi kw'icumu mu mwaka uheze, BBC yavugishije abantu batandukanye barimwo n'abahinga b'abanye Amerika, bemanze ko mu Rwanda mu 94 hapfuye Abahutu benshi kurusha Abatutsi.

Ico kiganiro nticakiriwe neza na leta y'u Rwanda, yavuze ko kirimwo gupfovya no guhakana jenoside, ica ifata ingingo yo guhagarika gusamirana mu Rwanda kuri FM, igisata ca BBC c'ibiyaga binini.

Umwe mu bateguye imyigaragamvyo y'uno munsi, avuga ko aserukiye urwaruka rw'Abanyarwanda bo mu Bwongereza, Junior Sabena Mutabazi, yabariye BBC Gahuzamirango ko bandikiye BBC inshuro nyishi ariko ntibaronke inyushu.

Yagize ati: "Nta vyapa biriko ivyo dusaba BBC twazanye, ariko twazanye urwandiko rugenewe umuyobozi mukuru wa BBC (Lord Tony Hall). Kandi muri ino myigaramvyo ntitwaje turi Abanyarwanda gusa, hari n'abandi bo mu bindi bihugu.

Tumaze kumwandikira kenshi, tumaze no kugira iyindi myiyerekano, ariko gushika ubu nta nyishu y'igituma BBC yakoze biriya bintu turabona."

Mutabazi yabandanija avuga ko ikiganiro ca BBC, "Rwanda's untold story", gipfovya jenoside.

Image caption Junior Sabena Mutabazi, avuga ko aserukiye urwaruka rw'Abanyarwanda bo mu Bwongereza

Yagize ati: "N'umuntu atari umuhinga aravye kiriya kiganiro, aca abona kirimwo ibintu bitari ukuri."

Leta y'u Rwanda yashizeko akanama kajejwe gutohoza uruhara rwa BBC mu gupfovya jenoside biciye muri ico kiganiro, karongowe na bwana Martin Ngoga.

Ako kanama kashitse ku ngungo y'uko leta y'u Rwanda ishobora kwitwarira BBC muri sentare kubera ibiri muri kiganiro cayo.

BBC ariko yasubije ivuga ko nayo yakoze itohoza ryayo, isanga abateguye ico kiganiro ata kosa na rimwe bakoze.

Hari ababibona ukundi.

Abaserukiye imigambwe ya RNC na FDU-Inkingi itavuga rumwe na leta y'u Rwanda, baba mu Bwongereza, basohoye urwandiko aho basaba BBC kubandanya umurongo wayo.

Muri urwo rwandi bagira bati: "Aho kwibuka abacu ngo tubahe icyubahiro gikwiye, uyu munsi Leta irahatira abanyarwanda kujya mu mihanda ya London n’ahandi ngo baramagana ibinyamakuru nka BBC bizwiho kuvugisha ukuri.

Turasaba BBC gukomeza guhagarara ku kuri kuko nibyo bizafasha abanyarwanda kwiyunga kandi imenye ko abanyarwanda tuyishyigikiye."

Jenoside yo mu Rwanda yabaye hagati y'ukwezi kwa kane n'ukw'indwi mu 1994.

Hakurikijwe ibivugwa n'ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yahitanye abantu bashika ku bihumbi 800, bagizwe ahanini n'Abatutsi hamwe n'Abahutu batari bashigikiye ubwicanyi.