McKinstry yizeye Amavubi

Johnny McKinstry yizera guhindura Amavubi ikipe ikomeye muri Afrika Uwufise ububasha kw’isanamu AFP
Image caption Johnny McKinstry yizera guhindura Amavubi ikipe ikomeye muri Afrika

Umunye Irlande, Johnny McKinstry, w'imyaka 29 nta kwezi aramara mu kazi ko kumenyereza ikipe nserukiragihugu y'u Rwanda y'umupira w'amaguru, ariko avuga ko ayifitiye icizere gikomeye.

Yavuze ko ashimishwa n'ivyo yabonye mu rukino rwa mbere rwo kw'itariki 29 z'ukwa gatatu amenyereza iyo kipe, naho yatsinzwe na Zambia 2-0.

Kandi avuga ko ashobora guhindura iyo kipe ikaba imwe mu zishobora guhiganirwa bimwe bikomye igikombe ca Afrika c'abakinyi bakinirwa iwabo co mu 2016, kizobera mu Rwanda.

Yizera kandi ko Amavubi ashobora gushika mu gikombe ca Afrika 2017.

Yabariye BBC ati: "Ni ibisanzwe ko gutsindwa na Zambia vyatubabaje, ariko hari vyinshi vyiza twabonyemwo.

Twatanguje abakinyi batandatu bari munsi y'imyaka 20, ku bwanje ni kazoza keza kw'ikipe y'u Rwanda."

McKinstry yizera kugira ibihe vyiza n'ikipe y'u Rwanda, mugihe bitagenze neza aho yamenyereza Sierra Leone.