U Rwanda ruvuga ko Abarundi babandanije guhungira muri ico gihugu

Abanyagihugu b'Abarundi babandanije guhungira mu Rwanda Uwufise ububasha kw’isanamu
Image caption Abanyagihugu b'Abarundi babandanije guhungira mu Rwanda

Leta y'u Rwanda ivuga ko abanyagihugu b'Abarundi babandanije guhungira mu Rwanda ubu bakaba bamaze kurenga 3000.

Uwujejwe kumenyesha amakuru mu bushikiranganji bw'u Rwanda bujejwe ibiza n'impunzi, Frederic Ntawukuriryayo, yabwiye BBC Gahuzamiryango ko Abarundi bamaze guhingira mu Rwanda bashika ibihumbi bitatu na mirongo indwi n'indwi.

Bwana Ntawukuriryayo yavuze ko 2262 bacumbikiwe mu karere ka Bugesera mu buseruko bw'u Rwanda, nayo 815 bakaba bacumbikiwe mu bumanuko mu karere ka Nyanza.

Yongeyeko yuko bavuga ko bahunga umutekano muke uri mu Burundi, aho baterwa ubwoba n'urwaruka rw'Imbonerakure rw'umugambwe uri ku butegetsi mu Burundi.

Izo mpunzi ngo zatanguye kuza guhera mu ntango z'ukwezi kwa gatatu.

Ku ruhande rw'u Burundi bemeza ayo makuru

BBC kandi yashoboye kuvugana na buramatari w'intara ya Kirundo mu buraruko bw'u Burundi, aho benshi muri izo mpunzi baza bava.

Reverien Nzigamasabo yavuze ko ico gitigiri gishobora kuba arico, ngo kuko kuva aho bumviye ko abagiye ubwa mbere bakiriwe neza, n'abandi baciye bashaka kugenda ari benshi, ngo kandi kubabuza biragoye.

Ariko avuga ko ikibazo c'umutekano bavuga ko bafise atagihari.