Vatikano yoba idashaka ambasaderi w'Ubufaransa w'umu gay

Vaticano ishobora kuba yanse ko Laurent Stefanini aserukira Ubufaransa kuko ari umu gay Uwufise ububasha kw’isanamu AP
Image caption Vaticano ishobora kuba yanse ko Laurent Stefanini aserukira Ubufaransa kuko ari umu gay

Ibitangazamakuru vyo mu Bufaransa bivuga ko leta yanse guhindura uwuyiserukira yarungitse Vatikano, yemanga ko aryamana n'abo basangiye igitsina, abo bita aba gay.

Abajejwe intwaro mu Bufaransa bavuga ko Laurent Stefanini, asanzwe yegeranye cane n'umukuru w'igihugu Francois Hollande, yagenywe mu kwezi kwa mbere, ariko gushika ubu Vatikano ikaba itaramwemera.

Nk'uko bivugwa n'ibitangazamakuru vyo mu Bufaransa, icatumye ibiro vya Papa bitamwemera ngo n'uko Stefanini ari umu gay.

Abajejwe uburongozi bwa Vatikano nta na kimwe baravuga ku mugaragaro.